Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Bābiriye imiheto n’amacumu; ni ba ruburakigongwe, nta mbabazi bagira; ijwi ryabo ribomborana nk’ikiyaga, kandi bagendera ku mafarasi; bāzira mu rugamba icarimwe, nk’umuntu umwe, kugira ngo bagutere, ewe mukobga w’i Siyoni.