Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Nuk’ ukw imisi y’amazimano yabo yahera, Yobu yabatumako ngw abeze, akavyuka kare mu gatondo, agatanga ibimazi vyoswa bihwanye n’igitigiri ca bose: kuko Yobu yavuga, ati Kumbure abahungu banje bācumuye, barogota ku Mana mu mitima yabo. Uko ni ko Yobu yahora agenza ubudasiba.