John 12:24 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Ndababwire ukuri, iyo urutete rw’ingano rudatewe mw’ivu ngo rupfe, ruguma ari rumwe gusa. Ariko iyo rutewe rugapfa, bituma rwama izindi ntete nyinshi cane.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Iy’ agatete k’ingano kataguye mw ivu ngo gapfe, kaguma uko kari konyene; arikw iyo gapfuye, gahunda impeke nyinshi.