John 19:24 — Compare Translations

2 translations compared side by side

Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Baravugana bati: “Ntidukwiye kuyitabura. Reka tuyipfindire kugira ngo tumenye uwuyegukira.” Ibi vyabaye kugira ngo bishitse Ivyanditswe bivuga ngo: “Bagabuye impuzu zanje, bapfindira umutamana wanje.” Ivyo ni vyo abasoda bakoze.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Nuko baravugana, bati Twoye kuwutabura, tuwupfindire, ugire ūwegukiye. Kwar’ ukugira ngw ivyanditswe bishike, ngo Bagabuye impuzu zanje, Bapfindira umwambaro wanje. Ivyo ni kw abasoda babikoze.