John 19:38 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Inyuma y’ivyo, Yosefu w’i Arimataya asaba Pilato uruhusha rwo kumanura ikiziga ca Yesu. Uwo Yosefu yari umwigishwa wa Yesu, ariko mu kinyegero, kuko yatinya abakuru b’Abayuda. Pilato amwemereye, Yosefu araza ajana ikiziga ca Yesu.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Hanyuma y’ivyo Yosefu Umunyarimataya, yar’ umwigishwa wa Yesu, ariko mu mpisho, kubgo gutinya Abayuda, yaka Pilato ikiziga ca Yesu ngw akijane: Pilato aremera; nukw araza ajana ikiziga ciwe.