John 20:25 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Abandi bigishwa baramubwira bati: “Twabonye Umwami!” Ariko arababwira ati: “Ivyo sinshobora kuvyemera ntiboneye inkovu z’imisumari mu biganza, nkazikozako urutoke rwanje, ngashira n’ikiganza canje mu nkovu yo mu rubavu rwiwe.”
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Abandi bigishwa baramubgira, bati Twabonye Umwami. Na we arabishura, ati Ni ntabona inkovu z’imambo mu biganza vyiwe, ngo nkoze urutoke rwanje mu nkovu z’imambo, ngo nshire urushi mu rubavu rwiwe, sinemera.