John 21:11 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Nuko Simoni Petero asubira mu bwato akwegera ku nkengera y’ikiyaga rwa rusenga rwuzuye ifi nininini, zishika ijana na mirongo itanu na zitatu. Ariko naho zari nyinshi, urusenga ntirwatabutse.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Simoni Petero aja mu bgato, akwegera urusenga i musozi rwuzuye ifi nini‐nini ijana na mirongwitanu na zitatu: kandi naho zari zingaho zirtyo, urusenga ntirwacitse.