John 6:22 — Compare Translations

2 translations compared side by side

Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Ku musi ukurikira, ba bantu isinzi bari basigaye hakurya y’ikiyaga bibuka ko hari ubwato bumwe gusa, kandi ko Yesu atinjiranye n’abigishwa biwe muri bwo, ahubwo ko bijanye bonyene.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Bukeye bg’aho, rya shengero ryari rihagaze hakurya y’ikiyaga, rimenye kw ata bundi bgato bgāriho atari bumwe, kandi yuko na Yesu atājanye n’abigishwa biwe mu bgato, arikw abigishwa biwe ni bo bāri bījanye: