John 8:20 — Compare Translations

2 translations compared side by side

Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Yesu yavuze ayo majambo ariko yigishiriza mu rusengero, ahagaze hafi y’ico batorezamwo amashikanwa. Ariko nta n’umwe yamufashe kuko igihe ciwe kitari bwashike.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Ayo majambo yayavugiye mw iyakīriro ry’amashikanwa, arikw arigisha mu rusengero; kandi nta n’umwe yamufashe, kukw igihe ciwe kitaribgashike.