Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Barahanesha, bahatōngōza inkota, bica n’umwami waho, batōngōra n’ibindi bisagara vyaho vyose, n’abāri muri vyo bose: ntibasiga n’uwa kirazira; Yosuwa ahagirira nk’ivyo yagiriye i Eguloni vyose, ahagesezanya n’ abahaba bose.