Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Kalebu arongera aravuga, ati Kand’ ehe rāba, Uhoraho yampaye kumara iyi myaka mirongwine n’itanu nk’ uko yavuze, uhereye igihe yabaririye Mose iryo jambo, Abisirayeli bagatangura kuyerēra mu bugaragwa; non’ ehe rāba, uyu musi mmaze imyaka mirongumunani n’ itanu.