Joshua 22:28 — Compare Translations

1 translations compared side by side

Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Ni co catumye twiyumvira, tuti Ni batubarira bartyo, canke bakabibarira uruvyaro rwacu ruzokwaruka hanyuma, baze babishure, bat’ Ehe rāba icitegererezo c’igicaniro c’Uhoraho ba sogokuruza bubatse, kitar’ ico kwoserezako canke gutangirakw ibimazi, ariko ngo kibe icabona hagati yacu namwe.