Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
amazi ava ruguru aca arīmīrwa, yirundaniriza aharinganiye n’igisagara citwa Adamu kibangikanye n’i Saretani, kure y’aho bagomba kujabukira, kand’ ayo hepfo atembera mu kiyaga co mu kiyaya citwa Araba, ari co Kiyaga c’Umunyu, arakamuka. Nukw abantu barajabuka batumbereye i Yeriko.