Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Nukw abo bagabo b’Abisirayeli bakora nk’uko Yosuwa yababariye, bāndūra amabuye cumi n’abiri muri Yorodani, nk’uk’ Uhoraho yabariye Yosuwa, angana n’igitigiri c’imiryango y’Abisirayeli; barayajabukana, bayashikana aho bagiye kurāra, bayaturaho.