Jude 1:5 — Compare Translations

2 translations compared side by side

Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Naho mwari musanzwe mubizi vyose, ndashaka kubibutsa ko Umwami Imana yatabaye ubwoko bw’Abisirayeli akabukura mu gihugu ca Egiputa, ariko hanyuma yahoneje abatizeye bo muri bo.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Ndagomba kubibutsa, naho vyose musanzwe mubizi, yuk’ Umwami Imana, imaze gukirisha bga bgoko kubakūra mu gihugu ca Egiputa, hanyuma yahoneje abatizeye.