Jude 1:6 — Compare Translations

2 translations compared side by side

Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Kandi n’abamarayika batagumye mu bibanza Imana yabashizemwo, ariko bagahitamwo kubivamwo, Imana yabugaraniye ahantu h’umwijima, baboshwe n’iminyororo y’ibihe bidashira, barindiriye wa musi uhambaye w’imanza.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
N’abamarayika batāgumye mu bukuru bgabo, ariko bātaye ahantu habo, ibarindira kuzocirwakw iteka ryo ku musi uhambaye, bari mu minyororo idashira no mu mwiza.