Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Maze kur’ uwo musi ugira indwi nyene, izuba ritararenga, abo mu gisagara baramubarira, bati N’iki corusha ubūki gusōsa? canke n’iki corusha intambge inkomezi? Na we arabishura, at’ Iyaba mutarimishije inka yanje, Ntimuba mupfīndūye igisōkōranyo canje!