Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Maze Mpwemu w’Uhoraho amuzako akābushungwe, aramanuka aja i Ashikeloni, yicayo abantu mirongwitatu, abakoba imyambaro yabo, aha bamwe bāpfīndūye ca gisōkōranyo imyambaro yo gukūranya. Araheza arīvumbura, adūga kwa se asuguriwe.