Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Ariko hanyuma, uwo mucamanza amaze gupfa, bagasubira inyuma, bagakora ibibi birengeye ivya ba sekuruza, bagakurikira izindi mana bakazisaba, bakazūnamira; mu ngeso zabo mbi bakanka kugira n’imwe bata, canke ngo bareke no gukomantaza imitima.