Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Mose abarira Aroni n’abana biwe Eleyazari na Itamari, ati Ntimuhamburure imishatsi yanyu, canke ngo mutantamure impuzu zanyu, kugira ngo ntimupfe, kand’ Uhoraho ntarakire ikoraniro ryose; ariko bene wanyu, ab’ inzu yose ya Isirayeli, abe ari bo baborogeshwa n’ umuriro Uhoraho arekuye.