Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Maz’ ico kintu indwara yafashe, uwo muherezi az’ agisuzume, kimaze kumesurwa; nuko ni yasanga ah’ iyo ndwara yafashe hadahinduye ibara, kand’ iyo ndwara itunguruje, na ho nyene kizoba gihumanye; kize giturirwe: izoba ar’ iyo ndwara igenda irarya, naho coba kibaye inkūte imbere cank’ inyuma.