Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Mugabo, ishikanwa ry’ikintu gitanzwe kuba inyegu yanje, ico umuntu azonshikanira akinyeguriye, mu vyo afise ivy’ ari vyo vyose, yaba umuntu, yaba igitunzwe, cank’ indimiro yo mw ishamvu yiwe, ntihaze hagire ben’ ico kigurwa canke ngo gicungurwe: ben’ iryo shikanwa ry’ikintu catanzwe kw inyegu n’icera cane kuri jewe Uhoraho.