Luke 11:42 — Compare Translations

2 translations compared side by side

Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Muzobona ibara yemwe Bafarisayo, kuko mutanga ikigiracumi kuri vyose, gushika no ku mboga zo mu matongo yanyu, ariko mukirengagiza guca imanza zibereye, no gukunda Imana. Mwari mukwiye gutanga ico kigiracumi, n’ivyo bindi mutavyirengagije.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Ariko muzobona ibara, Bafarisayo, kuko mutanga ikigiracumi c’imbgija n’isogi n’imboga zose, ariko guca izibereye no gukunda Imana mukavyirengagiza. Ivyo mwari mukwiye kubikora, vya bindi na vyo ntimubireke.