Luke 14:10 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Ariko nibagutumira, uze uhitemwo icicaro c’inyuma kugira ngo nyene urubanza abe ari we aza akubwire ati: ‘Mugenzi, kaze mu cicaro c’imbere.’ Ico gihe uzoba utewe iteka imbere y’abandi batumire bose.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Ariko ni watorwa, ugende, wicare inyuma y’abandi bose, kugira ng’uwagutoye aje, akubgire, at’ Igira ino haruguru mugenzi; ni ho uzobona icubahiro imbere y’abo mwicaranye musangira bose.