Luke 14:12 — Compare Translations

2 translations compared side by side

Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Yesu aca abarira uwamutumiye ati: “Niwategura umusi mukuru, ntuze utumire abagenzi, abavukanyi, incuti, canke ababanyi batunze. Kuko na bo bazogutumira, maze impera yawe ibe iyo.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Kand’ abgira uwamutumiye, ati Ni wagira amazimano ku murango canke mw ijoro, ntuz’ utumire abagenzi bawe cank’ abo muvukana cank’ incuti zawe cank’ ababanyi bawe b’abatunzi; kuko kumbure na bo bogutumira, bakakwishura.