Luke 23:29 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Kuko igihe kigiye gushika, aho abantu bazovuga bati: ‘Hahiriwe abagore batigeze bavyara, n’inda zitigeze zibungenga, hamwe n’amabere atigeze yonsa.’
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
kukw imisi izoza bazovuga, bati Hahirwa abāgumbashe n’inda zitigeze kuvyara n’amabere atigeze kwonsa.