Luke 6:45 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Umuntu mwiza akura ivyiza mu bubiko bwiza bw’umutima wiwe, umubi na we agakura ibibi mu bubiko bubi bw’umutima wiwe. Kuko ivyuzuye mu mutima ni vyo akanwa kavuga.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Umunyangeso nziza akūra ivyiza mw itunga ryiza ryo mu mutima wiwe, n’umunyangeso mbi akūra ibibi mw itunga ribi: ibibōgabōga mu mutima ni vyo akanwa kiwe kavuga.