Luke 6:49 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Ariko uwumva amajambo yanje ntayashire mu ngiro, ameze nk’uwubaka inzu kw’isi ahatagira umushinge. Iyo inzuzi zisuriranije kuri ya nzu, irasenyuka kandi isenyuka ryayo riba irikomeye.”
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Arik’ uwumva, ntabikore, asa n’umuntu yubatse inzu kw ivu, atimvye itanguriro: maz’ umugezi uyisūrirako, ica irasenyuka, uguhomvoka kw’iyo nzu kwabaye ugukomeye.