Luke 8:28 — Compare Translations

2 translations compared side by side

Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Abonye Yesu, aca akoma induru, yikubita ku birenge vyiwe, asemerera n’ijwi rirenga ati: “Undonderako iki ga Yesu, Mwana w’Imana Musumbavyose? Ndakwinginze ntuntoteze!”
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Abonye Yesu arasemerera, amwikubita imbere, avuga n’ijwi rirenga, ati Duhūriye hehe ga Yesu, Mwana w’Imana isumba vyose? Ndakwinginze, ntumbabaze agashinyaguro.