Luke 9:39 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Impwemu mbi imufashe, aca atangura gukoma induru, hanyuma ikamujegeza, agaca abimba ifuro mu kanwa. Iramubabaza cane kandi imurekura bigoranye.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
kandi har’ impwemu imufata, agatura akaborogo, ikamujegeza, akabimba ifuro, kand’ ihejeje kumukungagura ikagora cane kumuvamwo.