Mark 1:44 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
“Ntihagire umuntu n’umwe ubibwira. Ariko genda umuherezi agusuzume hanyuma utange ikimazi Mose yashinze ko uwuhumanutse atanga, kugira ngo bose bamenye ko wahumanutse.”
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
aramubarira, ati Wirinde, ntugire uwo ubikerukiriza, ariko genda, wiyereke umuherezi, utange ivy’ uguhumanurwa kwawe, nk’uko Mose yageze, bibe ikimenyetso kibabere icabona.