Mark 11:18 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Abakuru b’abaherezi n’abigisha b’ivyanditswe bavyumvise baca batangura kurondera ingene bomwica. Ariko baramutinya kuko abantu bakunda cane inyigisho ziwe.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe bavyumvise barondera ingene bomwica, kuko bāmutinya, kukw abantu bose batangazwa n’inyigisho ziwe.