Mark 12:14 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Baza aho ari baramubaza bati: “Mwigisha, turazi ko uri umuntu w’imvugakuri. Wewe ntutinya igitsure c’abantu, kuko ntuterwa ubwoba n’igihagararo cabo, ahubwo wigisha inzira ihimbara Imana mu kuri kwose. None tubwire: Biremewe gutanga ikori turiha Kayisari canke ntivyemewe?
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Bāje baramubgira, bati Mwigisha, turazi yuk’ ur’ umunyakuri, kandi k’udatinya umuntu wese ku kigohe, kuk’ udatinya ijunja ry’abantu, ariko ko wigisha inzira y’Imana vy’ukuri. Mbega biremerwa gutanga ikori rya Kayisari, canke ntivyemerwa?