Mark 14:1 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Ico gihe hari hasigaye imisi ibiri ngo Umusi Mukuru wa Pasika n’Umusi Mukuru w’Imikate Itarimwo Umwambiro ishike. Kandi abakuru b’abaherezi n’abigisha b’ivyagezwe bariko barondera akaryo ko gufata Yesu mu kinyegero kugira ngo bamwice.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Hāri hasigaye imisi ibiri, imisi mikuru ya Pasika ikagera, ni yo yo kurya imitsima itambiwe. Abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe barondera uburyo bgo gusuka Yesu ngo bamufate bamwice: