Mark 14:3 — Compare Translations

2 translations compared side by side

Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Ico gihe Yesu yari i Betaniya mu nzu kwa Simoni, yahoze ari umunyamibembe. Ariko arafungura, haza umugore afise icupa ryiza ririmwo amavuta amota cane kandi y’igiciro kinini ahinguwe mu giti bita narada. Nuko yugurura rya cupa, asuka ya mavuta ku mutwe wa Yesu.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Ar’i Betaniya mu nzu kwa Simoni umunyamibembe, yicaye arikw ararya, haza umugore afise ikebano ry’amavuta atāmirana, y’igiciro kinini cane, y’agati kitwa narada: amena iryo kebano, amavuta ayamusuka ku mutwe.