Mark 14:31 — Compare Translations

2 translations compared side by side

Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Ariko Petero abisubiramwo ashimitse ati: “Sinshobora kukwihakana ngo sindakuzi naho vyonsaba gupfana na we.” N’abandi bigishwa bavuga amajambo nk’ayo.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Arikw arīhanukīra cane, ati N’iyo noba nkwiye gupfana nawe, sinokwihakana. N’abandi na bo bavuga bartyo bose.