Mark 14:44 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Yuda, uwari yamugurishije yari yabahaye ikimenyetso, ababwira ati: “Uwo nja gusoma azoba ari we. Muce mumufata mumujane, kandi mumugumye cane!”
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Arik’ ūmugura yari yabahaye ikimenyetso, at’ Uwo nja gusoma azoba ari we, mumufate, mumujane mumugumije.