Mark 2:4 — Compare Translations

2 translations compared side by side

Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Ariko kubera ubwinshi bw’abantu, ntivyakunda ko bashikira Yesu. Nuko basambura ahantu hato ku nzu hejuru y’aho Yesu yari ari, bururukirizamwo ya nderuzo wa muntu aryamyeko.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Babuze ingene bamushikīra kubg’ ishengero, basambura inzu hejuru y’ah’ atumbereye; bahejeje kuhatobora, bururukirizamw’ inderuzo, iryamyemw’ ico kimuga.