Mark 4:1 — Compare Translations

2 translations compared side by side

Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Ikindi gihe Yesu asubira kwigishiriza ku nkengera y’ikiyaga c’i Galilaya, maze abantu isinzi bakoranira aho ari, na we aca atambukira mu bwato abwicaramwo, abantu na bo bahagarara i musozi.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Atangura ukundi gusha kwigishiriza ku nkombe y’ikiyaga. Ishengero ryinshi cane rikoranira kuri we, bimutera gutambukira mu bgato buri mu kiyaga, yicaramwo, ishengero ryose riguma ku nkombe y’ikiyaga.