Mark 5:35 — Compare Translations

2 translations compared side by side

Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Yesu akiriko aravuga, haza abantu bavuye kwa Yayiro, wa mukuru w’isinagogi, baramubwira bati: “Umukobwa wawe yamaze gucikana. Ni kuki ubandanya ugora umwigisha?”
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Akivuga, haza abavuye kwa wa mukuru w’isinagogi, bati Wa mwana wawe aracīkānye, uracagorera iki Umwigisha?