Mark 6:2 — Compare Translations

2 translations compared side by side

Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Umusi w’Isabato ushitse, atangura kwigisha mw’isinagogi; benshi bamwumvirije baratangara cane. Barabazanya bati: “Mbega ivyo yigisha yabikuye he? Ubu bwenge n’ubu bushobozi bwo gukora ibitangaza yabikuye he?
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Isabato ishitse, aca yigishiriza mw isinagogi: benshi bamwumvise baratangara, bat’ Ivyo vyose uyu yabikūye hehe? Kandi n’ubgenge ki yahawe, n’ivyo bitangaza bingaho bikorwa n’amaboko yiwe n’ibiki?