Mark 6:21 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Maze igihe kimwe Herodiya aronka akaryo. Ku musi mukuru wo kwibuka ivuka ryiwe, Herode yateguye umusi mukuru atumira abategetsi bakurubakuru bo ku ngoma yiwe, abo mu gisoda hamwe n’abatware bo mu ntara ya Galilaya.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Maz’ umusi uragera, uburyo buraboneka: war’ umusi wo kwibutsa ukuvuka kwa Herode; atumira abaganwa biwe, n’abakuru b’abagabisha b’abasoda, n’abapfasoni b’i Galilaya, ngo baze abatereke.