Mark 7:24 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Hanyuma y’ivyo Yesu ava i Galilaya aja mu karere kegereye igisagara ca Tiro. Nuko yinjira mu nzu kandi ntiyashaka ko hagira uwumenya ko ariho ari; ariko ntivyakunda ko yihisha.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Ava aho hantu, aja mu ntāra yo muri Tiro n’i Sidoni. Yinjira mu nzu atagomba ko hogira umuntu abimenya, ariko ntiyashobora kuyoberana.