Mark 8:27 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Hanyuma y’ivyo, Yesu n’abigishwa biwe bava i Galilaya baja mu mihana yegereye i Kayisariya mu ntara yatwarwa na Filipo. Bakigenda arababaza ati: “Mbega abantu bavuga ko ndi nde?”
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Yesu avanayo n’abigishwa biwe, aja mu mihana y’i Kayisariya mu bga Filipo: bari mu nzira, abaza abigishwa biwe, at’ Abantu bagira ngo ndi nde?