Matthew 1:17 — Compare Translations

2 translations compared side by side

Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Ni ukuvuga ko habayeho urukurikirane rw’imiryango cumi n’ine kuva kuri Aburahamu gushika kuri Dawidi; n’iyindi cumi n’ine kuva kuri Dawidi gushika igihe bajanwa kuba abanyagano i Babiloni; hongera haba urundi rukurikirane rw’imiryango cumi n’ine kuva bagarutse bavuye mu buja gushika kuri Kristo.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Nuko ba sekuruza bose guhera kuri Aburahamu gushitsa kuri Dawidi n’icumi na bane, kandi guhera kuri Dawidi gushitsa ku gihe co kwambukanwa i Babuloni n’icumi na bane, kandi guhera ku gihe co kwambukanwa i Babuloni gushitsa kuri Kristo n’icumi na bane nyene.