Matthew 12:33 — Compare Translations

2 translations compared side by side

Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Igiti iyo ari ciza n’ivyamwa vyaco biba vyiza, kandi igiti iyo ari kibi n’ivyamwa vyaco biba bibi; kuko igiti cose kimenyekanira ku vyamwa vyaco.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Ni mube muvuga igiti kw ari ciza n’ivyo camye kw ari vyiza, canke mube muvuga igiti kw ari kibi n’ivyo camye kw ari bibi; kukw igiti kimenyekanira ku vyo camye.