Matthew 14:13 — Compare Translations

2 translations compared side by side

Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Yesu amaze kuvyumva, aca ava ngaho agenda n’ubwato, aja ahantu hiherereye. Ariko abantu bamenye iyo agiye, bava mu bisagara bagenda n’amaguru baramukurikira.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Yesu avyumvise, arahava, agenda mu bgato, aja ahantu h’agahinga kwiherērayo. Ishengero rivyumvise, riva mu bisagara, rimukurikira rijanye inkōkoro.