Matthew 15:31 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Abantu baratangara cane babonye ibiragi bivuga, abacumbagira bagenda neza, ibimuga bimuguruka, n’impumyi zihumuka. Maze bahimbaza Imana ya Isirayeli.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Bituma ishengero ritangara ribonye ibiragi bivuga n’ibimuga bikomera n’abacumbagira bagenda neza n’impumyi zibona; bahimbaza Imana y’Abisirayeli.