Matthew 17:27 — Compare Translations

2 translations compared side by side

Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Ariko, kugira ngo ntituboneke nabi imbere y’aba batoza iri kori, genda ku kiyaga utere igera urobe. Ifi ya mbere uza kuroba, uyasamike; maze urayisangamwo igiceri kinini c’ifeza coriha ikori ryawe n’iryanje, uheze ugitange.”
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Ariko twoye kubatsitaza, genda ku kiyaga, uteremw’ igera, wābīre ifi iribubanze gufatwa, uyasamike, urasangamwo shekeli; abe ari yo ujana, uyitange kubganje nawe.