Matthew 18:25 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Kubera atari ashoboye kumwishura, shebuja ategeka ko umugore wiwe, n’abana bagurishwa hamwe n’ivyo bafise vyose kugira ngo umwenda wiwe wishurwe.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Ariko kukw atar’ afise ico yishura, shebuja agera ko bamugura, n’umugore, n’abana, n’ivy’ afise vyose, ng’ umwenda wishurwe.